Umugabo w’ukuri akwiye gushimishwa n’iterambere ry’umukenyezi wiwe

Umugabo w’ukuri akwiye gushimishwa n’iterambere ry’umukenyezi wiwe

 Biravugwa ko umugore nyawe ari uwubaha umugabo wiwe. Mu migenzo y’ikirundi naho bakavuga ko  iyo umukenyezi afise amafaranga ataba acubaha umugabo wiwe.Ahatari hake rero ivyo  biratuma abigeme n’abakenyezi bamwe bamwe badafata imigambi ikomeye ngo bashike kure kuko batinya ko ingo zohava zisambuka canke abakiri inkumi ngo babure abagabo.

None vy’ukuri ni vyo?

Haba namba.Muri ino nkuru umuhinga mu vyerekeye ubugabo nyakuri  akongera akaba arongoye ihuriro ry’abagabo barwanya amabi akorerwa abakenyezi aratanga  umuco.

Mu ntumbero yo guteza imbere isi gushika mu mwaka w’2030 , ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarihaye amahangiro 17 y’iterambere rirama ari zo 17 Objectifs du Deveveloppement Durable(ODD) mu gifaransa .Muri ayo mahangiro 17,irya 10 rigamije kugabanya ubusumbasumbane bw’abantu mu mibano(Inégalités réduites ).Naho bir’uko haracariho inzitizi  mw’iterambere ry’abakenyezi batinya gutera imbere kuko abagabo bitabagwa neza iyo babibonye .

Umuduga w’akazi ku mwigeme ntiwobuza umusore kumushima,hindura ivyiyumviro

Elvine Bayisabe ni umwigeme w’umufundi muvyo kwubaka amazu(Ingénieure civile),akwije imyaka 3 ari mu kazi .Aho  akorera barashimye ubukerebutsi  bwiwe maze bamugira umuyobozi.Nkuko abitwiganira ayo mabanga ajana n’ukuronka umuduga w’akazi bitumwe n’ibikorwa afise .Elvine rero  arawunyonga kugira akore akazi neza ariko incuti n’abagenzi ngo baramurembeje ,e mama ngo : » Ntuzoronka umugabo kuko ugendera mu miduga », abandi ngo : »Imisore izotinya kukuresha kubera yibaza ko uri umutunzi gutyo ihave ibona ko umugabo wawe ata jambo yogira imbere yawe ».

Amabanga y’urugo atandukanye n’ayakazi,

Yihweje  amajambo amuca intege mu bikorwa vyiwe kandi ata kosha ririmwo Umwigeme Elvine avuga ko amabanga yo mu kazi atomubuza kwubaka neza kuko ari ibintu bibiri bitandukanye

Nayo Joseph Mujiji arongoye ishirahamwe CHOVIF(Coalition des Hommes contre les Violences faites au femmes) asigura ko abagabo babona ko batokwubakana n’abakenyezi bafise uko bikenura baba bafise ishari,abona ko nkabo   bagabo baba biyumvira ko ari bo bategerezwa kwama bari hejuru muri vyose.Ivyo Joseph Mujiji yita ukwikwegerako.

Kubwa Mujiji ,umugabo ni umutwe w’umuryango,ntibishimishije rero ko yokwikwegerako ivyiza.Abona ko ubutunzi buzanywe n’umugore nabwo  bufasha umuryango nkuko uburyo bw’umugabo nabwo bufasha mu buzima bw’umuryango kandi bikagenda neza iyo bagiye inama n’ingingo.

Uwo arongoye ihuriro CHOVIF abona ko icotuma urugo rwubakwa neza ari umutima mwiza .Akongera akemeza ko umukenyezi afise aho yisumamwo ari umutima w’umuryango ,ku bwiwe umugabo yamwironkeye arahiriwe.Mujiji Yozefu aboneraho n’akaryo ko gucuvya ya migani isubiza inyuma abigeme n’abakenyezi nk’iyivuga ko inkokokazi itabika mu gihe isake iriho n’iyindi akibutsa ko hariho iyiha ikibanza gikwiye umukenyezi nka : » umuhushatunga ahusha umugore. » N’iyindi.Agahanura abarundi bose na cane cane abubatse gushira imbere agateka kuri bose ata kuraba ngo uyu ni umukenyezi canke ni umugabo.Iterambere rifasha kuri bose.

Mwomenya ko mu nzitizi zibuza umukenyezi mw’iterambere no gushika mu nzego zo guserukira abandi  ari :ukuba bataciye ku ntebe y’ishure,ukuba batiyemera ,ukubura uburyo bw’amafaranga kuko haraho usanga barinda kuyasaba abagabo babo nkuko tubisanga mu cigwa ca BLTP(Burundi Leadership Training)cagiye ahabona muri gitugutu 2021.

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search for Common Ground ufashwe mumugongo na #USAID

error: Content is protected !!
Verified by MonsterInsights