Fellowships

Umugambi Tuyage mw’iterambere ry’umukenyezi,abahuye nawo barashima

Umugambi Tuyage mw’iterambere ry’umukenyezi,abahuye nawo barashima Muri kahise umukenyezi yari umuzezwanzu,umunyaruhimbi,umwambarandende….Ibikorwa vyiwe vyari uguteka ,ukurera abana,gusya,gusenya,kuvoma…..muri make ni ibikorwa bito bito bitazana amafaranga.Umugore yarindira uburyo buzanywe n’umugabo kugira aronke impuzu,uburyo bwo kwivuza n’ibindi .Mu ntumbero yawo, umugambi Tuyage uriko urakora kugira umukenyezi w’umurundikazi yisununure mu butunzi areke kwama ateze amashi.Intahe . Oda Nindorera ni umukenyezi […]

Ukwitunganiriza imigambi mu bakenyezi: umugambi Tuyage wankuye habi unshira heza

Ukwitunganiriza imigambi mu bakenyezi: umugambi Tuyage wankuye habi unshira heza Imbere yo kuronswa inyigisho z’umugambi Tuyage,Consolate Nahimana wo mu Ruziba ntiyashobora kwunganira umugabo wiwe kuko yaguma i muhira arindiriye ico serugo azana .Tuyage umaze kuhashika ,Nahimana yararonse ubumenyi bujanye no kuziganya no kuguranana . Uyu musi arashima ko yateye intambwe mu kuronka uburyo nawe akaba […]

Hokorwa iki ngo turonke ikibano kizira amabi ashingiye ku gitsina?

Hokorwa iki ngo turonke ikibano kizira amabi ashingiye ku gitsina?   Imico n’imigenzo y’ikirundi imwe imwe iri mu bituma hakomezwa amabi afatiye ku gitsina.Muri iyo ni indero umuvyeyi atanga aho hakiriho abarera abana babereka ko umuhungu n’umukobwa batangana,ikindi ni hamwe umugabo akubita umugore abana babona.Muri ico gihe ivyo umwana akuze abona nivyo ajana mu rugo […]

Ubugabo nyabwo,uburyo bwiza bwo kurwanya amabi afatiye ku gitsina

Ubugabo nyabwo,uburyo bwiza bwo kurwanya amabi afatiye ku gitsina Kuva igenekerezo rya 25 Munyonyo gushika kuwa 10 Kigarama hari isekeza ry’imisi 16 yahariwe ukurwanya amabi ashingiye ku gitsina.Inkurikizi zayo mabi ni nyinshi haba kuwayakorewe,umuryango wiwe ,igihugu ndetse n’isi yose.Ni muri iyo ntumbero kuwa kane igenekerezo rya 30 munyonyo 2022 CENAP ,ikigo cishinze kubura no gukinga […]

Kuziganya no kuguranana: ikiyago hagati y’umugabo n’umugore ni nkenerwa cane

Kuziganya no kuguranana: ikiyago hagati y’umugabo n’umugore ni nkenerwa cane Birazwi ko urugo ari babiri,mu guteza imbere umuryango harakenerwa umwumvikano hagati y’umugabo n’umugore.Iyo ikiyago kibuze,imigambi y’umwe irashobora kuburizwamwo maze hakaba uruhombo . Nemeyimana Aster ,akorera igisata co kwishuza muri SOFEPAC aratubwira inzitizi bahurira mu bikorwa vyo kugurana abari mu mashirahamwe y’abakenyezi.  Jacqueline Niyonkuru ni umukenyezi […]

Amashirahamwe yo kuguranana no kuziganya ngo nikirumara mw’iterambere ry’umukenyezi ..

Amashirahamwe yo kuguranana no kuziganya ngo nikirumara mw’iterambere ry’umukenyezi .. Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana yo ku mitumba canke mu ma quartiers ni uburyo bwiza bwo kwiteza imbere .Imvo n’uko umunywanyi ashiramwo imitahe mito mito ,iyo amaze kumenyera aronswa  ingurane hisunzwe imitahe afiseyo.Mbere n’ibigega vyo kuziganya no kuguranana biraheza bikabaronsa ingurane nini biciye mu ngurane […]

Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana,inzira y’iterambere mu miryango

Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana,inzira y’iterambere mu miryango Kuwa gatanu igenekerezo rya 28 Gitugutu ni umusi mpuzamakungu wahariwe ukuziganya.Uburundi bwarifadikanije n’ibindi bihugu mu kuwuhimbaza ku civugo kugira kiti: »uruhara rw’abakenyezi b’imboneza  mw’iterambere ry’umukenyezi w’umurundikazi ».Ibirori vyabereye i Bujumbura kuri Hôtel Royal Palace ahari hakoraniye amashirahamwe y’abakenyezi akorera mu kuziganya no kuguranana ,imigwi  hamwe n’amashirahamwe yo kuguranana.Muri ino  […]

Ingorane y’ukwikengera,kimwe mu bibuza iterambere ry’umukenyezi

Ingorane y’ukwikengera,kimwe mu bibuza iterambere ry’umukenyezi   Nkuko biri mu mugambi w’igihugu uraba ibijanye n’ukungana kw’ibitsina PNG 2012-2025( Programme National Genre),ubusumbasumbane hagati y’imiryango buratosekaza ikibano ciza.Ikindi n’uko ukurwanya ubukene bidashoboka mu gihe bikozwe umukenyezi asigaye inyuma.Muri ino nkuru tubasangiza umwihwezo wa Euphrasie Bigirimana,umwe mu bakenyezi b’imboneza,yahoze ari umushikiranganji w’ubudandaji akongera akaba n’umwigisha muri kaminuza. Mu […]

Abakenyezi mu burongozi,imico n’imigenzo ibakumira ikwiye kuvaho

Abakenyezi mu burongozi,imico n’imigenzo ibakumira ikwiye kuvaho   Haba mu bibanza vyo gufata ingingo canke mu buzima busanzwe hari imvugo zishira hejuru umugabo maze umugore zikamushira ku rwego rwo hasi.Uturorero ni twinshi ,turabibonera ku mazina amwe  amwe : umuzezwanzu,umunyaruhimbi,umunyakigo….Naho bitakivugwa cane,inyifato zimwe zirerekana ko ataho vyagiye,haracariho abigeme batorwa mu mabanga bakanka ngo ntavyo bashoboye.Ariko abatari […]

Umugabo w’ukuri akwiye gushimishwa n’iterambere ry’umukenyezi wiwe

Umugabo w’ukuri akwiye gushimishwa n’iterambere ry’umukenyezi wiwe  Biravugwa ko umugore nyawe ari uwubaha umugabo wiwe. Mu migenzo y’ikirundi naho bakavuga ko  iyo umukenyezi afise amafaranga ataba acubaha umugabo wiwe.Ahatari hake rero ivyo  biratuma abigeme n’abakenyezi bamwe bamwe badafata imigambi ikomeye ngo bashike kure kuko batinya ko ingo zohava zisambuka canke abakiri inkumi ngo babure abagabo. […]
error: Content is protected !!
Verified by MonsterInsights